africa newsEast Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Iyindi mpamvu yatumye Diamond na Zari bavana

 

Umwe mu banyarusaku akurikiranira hafi ivy’ubuzima bw’aba Stars muri Tanzania, mu kiganiro aheruka gutanga yavuze vyinshi ku baririmvyi nka Diamond, Alikiba, Harmonize n’abandi. Kuri Diamond na Zari yavuze impamvu ivyabo bitigeze bigenda neza.

Muri ico kiganiro, Carry yavuze ko igituma Diamond na Zari bitagenze neza ngo kwari ukubera Diamond atigeze yiyumva nk’umugabo abushitse, ngo impamvu nuko uwo bagendana, Zari, we yaratandukanye n’abandi bakobwa bose bagendanye. 

Nkuko yabandanije abishikiriza, ngo ico bari batandukaniyeko nuko Zari we ata kintu na kimwe ahanzeko amaso Diamond, kuko asanzwe afise ibintu vyinshi bimwinjiriza amahera, bikamutuma bitaba ngombwa ko asegerereza.

Ivyo nkuko uwo mwigeme Carry akoresha urubuga rwa Carrymastory kuri Instagram yabandanije abishikiriza, ngo ivyo bica biba bitandukanye n’ivyo asanzwe akorera abanda bagendana, aho akuguriye imodoka canke agupangiye inzu nziza, ngo aca akugira ku mutwe. 

Mwomenya ko uwo mukobwa ari mu banyarusaku bakomeye muri Tanzania, urubuga rwiwe rwa Instagram ngo rukaba ruri mu kibanza ca 2 mu mbuga z’abanyarusaku bakurikirwa n’abantu benshi cane, ubu akaba aharurwa mu barenga 1.000.000 bamukurikira. 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 558