BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Kaya Free ngo urukurikirane rushasha ruri mu nzira

Umwe mu baririmvyi b’abarundi babarizwa mu gihugu ca Canada, Kaya Free, aheruka kumenyesha ko hari ibikorwa bishasha biriko birategurwa ngo vuba cane bizoshirwa ahabona. Ivyo navyo s’ibindi n’urukurikirane tutarabasha kumenyako vyinshi.

Urwo rukurikirane amakuru dufise akaba avuga ko ruzoba rwitwa Africa, kandi rukaba rwakozwe n’uwitwa Kennyprobeats, nawe tutarabasha kumenya iyo asanzwe akorera.

Uwo muririmvyi akaba kandi yanashize ahabona igishobora kuba ari urupapuro ndangandirimbo, Cover, aho urwo rupapuro rwaherekejwe n’amajambo ari mu rurimi rw’icongereza, abaza abantu ko boba biteguye. Yagize ati: “Are you Ready”?

Uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa amerika neza neza muri Canada, akaba adasiba gukora ibikora inka, kuko adasiba gutumirwa mu biteramo bitandukanye muri ico gihugu, kandi akaba anamaze kuronka ubushimwe butari buke muri ico gihugu nyene.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779