BurundiDiasporaEntertainmenthomepagekirundimusic

Kaya yasohoye amasanamu y’akaririmbo yakoranye na Ngarigari “Ubumwe n’akaranga”

Inyuma y’ugushira ahabona indirimbo zibiri zikanashirirwa ahabona amasanamu, Kaya Free yashize ahabona akandi karirimbo ka 3. Ako karirimbo akakaba kari mu rurimi rw’ikirundi kandi akagaruka cane ku karanga k’Abarundi.

Ako karirimbo Kaya yashize ahabona kuri uyu wa gatanu akaba yakise Ubumwe n’akaranga, ako karirimbo kakaba kakorewe mu Rwanda mbere n’amasanamu yako akaba ari naho bishoboka ko yafatiwe.

Ako karirimbo hampande yuko habonekamwo abarundi batari bake basanzwe basuhukiye I Kigali, Kaya yanagakoranye n’umurundi asanzwe amenyekanye mu migwi itandukanye ndangakaranga hano uwacu. Uwo nawe s’uyundi ni Ngarigari ari mu bari bagize umugwi ndangakaranga Abagumyabanga imbere yuko baja gushinga hamwe na bagenziwe umugwi Intatana.

Muri ako karirimbo harumvikanamwo amajambo asa n’amajambo yumvikanye mu karirimbo kaho hambere, nako kavuga ku bumwe bw’Abarundi. Ntiturabasha kumenya ivy’ugufatanya hagati yiwe na bene iyo ndirimbo isa nkaho yitijwemwo iyo amajambo.

Kaya akaba yaheruka kumenyesha mu kiyago yagiranye na Indundi Magazine ko mu rukurikirane ruzotangurirwa n’izo ndirimbo uko ari 3, hazumvikanamwo indirimbo zivuga ku Burundi no kuri Afrika muri rusangi, aho yerekana akamaro imariye isi.

Ico bikoze indirimbo 2 zatanguriye Ubumwe n’akaranga, zikaba zimaze kurabwa zose hamwe incuro zirenga 10.000 ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779