Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Kaya yavuze kuri Album nshasha hamwe n’amasanamu y’indirimbo nshasha

Kaya Freedom ngo naho Corona Virus yamufatiriye, bigatuma aguma i Kigali imisi irenze iyo yari yateguye, ntiyicaye kuko yabandanije akorera kuri Album yiwe nshasha ariko arashaka gushira ahabona mu misi ya vuba.

Mu kiyago ku murongo wa Téléphone, yatumenyesheje ko hari indirimbo 3 zimaze gukorerwa amasanamu, izo zikaba ziri muri urwo rukurikirane rushasha rugizwe n’indirimbo 9 ziriko zirashaka kuzoshirwa ahabona.

Muri izo ndirimbo harimwo iyo yakoranye na Bushari, umwe mu baririmvyi bakomeye i Kigali muri ino misi akora umudiho wa KinyaTrap. Hampande y’umunyarwanda, Kaya yamenyesheje ko hari n’iyindi ndirimbo yakoranye n’umurundi yitwa Ngarigari.

Izo ndirimbo zakorewe amasanamu nk’uko yabandanije abituyagira, ngo zizoshirwa ahabona buri musi wa gatanu. Iya 1 ikaba yashizweko kuri uyu wa gatandatu, ikaba ari iyo yakoranye n’uwo munyarwanda yitwa Bushari. Iyindi ikaba yitezwe ku musi wa 5 uri imbere.

Kaya akaba yabandanije atumenyesha muri ico kiganiro twakoranye ko inyuma y’ugushira ahabona amasanamu y’izo ndirimbo ngo azoca asohora izo ndirimbo zikaja ku mbuga ngurukabumenyi zisanzwe zigurisha umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769