BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum ngo Coronavirus ntiyamuteye kurera amaboko

Kidum ngo naho akazi kahagaze muri Kenya kubera umugera wa CoronaVirus ubageze habi, ngo we ntiyicaye kuko ariko arandika kugira igihe iki kiza kizorengana azoronke ico aha abantu. Ivyo n’ivyo aheruka kuyagira ikinyamakuru BBC.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa mu gihugu ca Kenya yavuze ko muri kino gihe bicaye mu nzu n’umuryango, kuko akazi kahagaze, kuko ibibanza bihuriramwo abantu benshi vyahagaritswe mu gihugu ca Kenya.

Kidum avuga ko muri kino gihe ataco ariko arinjiza, kuko n’ibiteramo yari yarateguye gukora, birimwo ico mu gihugu c’Ubuganda, ic’i Mombasa muri Kenya, vyose vyahagaze kubera iyo ngwara ya Covid-19 yateye. Ubu Kidum akavuga ko ariko yikora ku mafaranga y’integabizoza yari yarashize ku ruhande.

Jean Pierre muri ico kiganiro yanavuze ko muri kino gihe yicaye mu nzu, acishamwo agafata igitari agategura indirimbo. Imwe murizo ni nk’iyitwa Hatuachani, iyo yo ikaba ngo yararangiye kwandikwa.
Muriyo hakaba hazobonekamwo amajambo nka :

“Imbaraga zaraheze kabisa, inguvu zaheze, hanyuma kandi n’inyota yose yo kunywa amazi yaheze, meze sawa, nguma nicaye, nguma nsamara ndiko ndakuraba.”

Mwokwibuka ko Nimbona Jean Pierre yaheruka aha i Bujumbura aho yari yaje gukora indirimbo yahuriyemwo n’abandi bririmvyi batari bake, aho bari basubiyemwo indirimbo NKunda Abantu y’umurwi Alfred& Bernard.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779