BurundiDiasporaEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum yavuze ko abaririmvyi b’abarundi ngo bafatwa nk’abasazi n’abo hejuru

Mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum yavuze ko abaririmvyi b’abarundi bafatwa nk’abasazi. Kidum abajijwe ngo abisobanure yavuze ko ubusazi bwabo atari ubwa babandi baterana amabuye.

Mu kiganiro yaheruka gutanga ku banditsi n’abamenyeshamakuru, Kidum yavuze ko abo hejuru mu butegetsi bafata abaririmvyi nk’abasazi. Ivyo akaba yavyemanze afatiye ku ngeso abona kubo basangiye umwuga, kuko wumva batukana, bategura gufatana mu mashati n’ibindi.

Ndabisubiramwo, igituma n’abajejwe leta batubona uko nyene, n’ivyiyumviro bituvamwo. Ukumva umuntu ariko aratukana kwi radio, ukumva umuntu apanze gufatana mu mashati n’uwundi, urumva… Kiretse duhinduye inyifato, niho bazodufata nk’abantu, ariko dans l’entre-temps la majorite n’abasazi.”

Nimbona akaba yabandanije muri ico kiyago avuga ko igituma abantu babafata nk’abasazi ari uko batabatahura, ngo iyo umuntu muri Societe adatahuwe rero, ngo afatwa nk’umusazi. Igituma batabatahura naco, nuko bo uburyo bavugamwo budatahurwa na benshi.

“Kwa mfano nikifanya kitu hapa, nataka nipige concert ya VIP apa ku piscine. Ngira ngire concert ya VIP ngaha, umuntu avuga ati haca hinjira abantu bangahe? Erega yarasaze wa muririmvyi, arahomba. On n’est pas Compris! Pourtant jewe mfise imagination yindi yerekeye aya mazi, image mfise, ikintu ndiko ndashushanya mu mutwe,…., ngira ngire concert abantu b’iteka, naho boba ari bangahe, barihe make, ariko barihe make, bumve umuziki muri Accoustique…., Nivyo s’ubusazi bwo kwambura impuzu ngo bagira batere amabuye, on n’est pas Compris…”

Aho akaba yanagiriyeko asaba abantu bo hejuru kudasubira kwagiriza abaririmvyi ubutekamutwe, kuko atabwo bakora. Aho akaba yabivuze kuko abatekamutwe bazwi iyo baherereye. Abaririmvyi bo ngo barya bike bagatungwa n’ubusa

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779