homepagekirundimusicmuzik na wasani

Kirikou Akili aririmba « Umubabaro » ya Sat-B Imbere ya Camera

Vyari bitanganje benshi ndetse n’umu Paparazzi yamubajije ikibazo ndetse vyamuteye gutwenga bigatuma Kirikou amubaza ko vyoba bitwengeje.

Biciye mugiteramo co kur’uyu wa 14 Ruhuhuma 2020 catunganijwe na Bantu Bwoy aho bari bahuriye hamwe yaba Abaririmvyi canke abakunzi b’umuziki wa Bantu Bwoy mugiteramo ciswe Barbecue Party akaba ari igiteramo cashoboye kwumvikanamwo indirimbo z’abaririmvyi benshi batandukanye yaba abo muri Bantu Bwoy ndetse n’abo hanze ya Bantu Bwoy, hakaba harashoboye kwumvikana indirimbo y’umuririmvyi Sat-B.

Kumboneshakure ikorera kuri YouTube begereye Umuririmvyi Kirikou haba hakorokeyemwo indirimbo UMUBABARO ya Sat-B umumenyeshamakuru abaza Kirikou isura yoba abona kuba indirimbo y’uwo benshi badakeka ko yovuzwa mubikorwa vya Bantu Bwoy yishuye ati:

“Kuba indirimbo yavugijwe canke iriko iravuga vyerekana ko Bantu Bwoy atarwanko ifitaniye n’umuntu uwariwe wese kandi mumenya ko Indirimbo ari nziza iryoshe kandi igikorwa ciza kibasha kwidandaza kikagera kure, kubwivyo rero indirimbo ndayizi kandi iraryoshe.”

Aho Twobibutsa ko muri Valentin’s Day Barbecue Party hari hashoboye kwitabirwa n’abatari bake mubaririmvyi aho habonetse abaririmvyi nka :
Channel Queen,  Franck G80,  Lil Thomson The Voice,  n’abandi benshi aho tutokwibagira umwe mubantu bariko barakora neza ariwe Mutima le Comedien yari yatumiwe n’umuririmvyi Big Fizzo ubona y’uko umubano ari mwiza hagati ya Mutima na Big Fizzo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757