BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou Akili ngo yarakunze

Kirikou aheruka guteza uruhagarara kuri Facebook, aho abafana batamwihanganiye kubera ishusho yerekanye ngo n’umukunzi wiwe.

Igenekerezo rya 1 nzero uno mwaka wa 2023, Kirikou yasangije abamukurikirana ishusho arikumwe n’umwigeme, bafashe aga Posteur dukunze kubona mu mafoto y’abaho hambere. Uwo muririmvyi akaba yagakurikije amajambo aho yavuga ngo abansi b’urukundo rwabo barambaye ibara.

Abafana bakaba batavyemeye, aho bamwe bavuga ko uwo muntu abatazi aho amukuye, abandi ngo yoba ari mushikiwe, abandi nabo bakaba bavuze ko uwo muririmvyi Imana ikwiye kumubabarira kuvyo akoze.

Abo bafana bakaba babonetsemwo abamubwira ko mu mategeko ya hano iwacu, ngo abarundi ntibemerewe gutwara uwo bavukana.

Abandi bakaba banamutoreye izina, ubona ko Kirikou Akili ata zina yari yamuhaye, aho bavuze ko yitwa KABUDESIYA.

 

Abandi bo bakaba bayiciye umurya, bavuga ko uwo muririmvyi Kirikou  ngo asa n’uwo mwigeme barikumwe kuri iyo Foto, ngo Nico gituma bashobora kwemera ko ari umu Cherie wiwe. Igituma ngo ni uko bikunze kuvugwa ko ubanye n’umugore baheza bagasa.

Ntibagarukiye ngaho, kuko hari n’abibajije ko yoba ari umuvyeyi wiwe, ngo kuko akuze. Abandi nabo bakaba basanishije indero n’umwambaro yari yambaye.

Abafana bakaba bakunze iyo Foto cane gushika yaho iyo Foto iza mu Kibanza ca 1 muma Post 10 ya nyuma aheruka gushirako. Iyi foto ikaba imaze gukundwa n’abagera ku 10,000.

Uwo muririmvyi akaba amaze igihe kitari gito avugisha abafana. Iyo foto ikaba yaje inyuma y’igihe yitabira ikiganiro mu Rwanda kuri Yago tv show yambaye umwambaro w’abigeme, ijipo hamwe n’agakoti ko hejuru, aca ajanisha n’ibirato vy’abakobwa kurya nyene.

Kirikou mu kiganiro aheruka kugirana na Juste Gael, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko ukwambara canke ugukora utuntu dutandukanye twavugishije benshi, ngo adukora kugira bavuge, kuko ngo muri kano gakino, ibintu vyose n’agakoryo kugira uvugwe. Akaba yaciye atanga akarorero ka Yezu ko nawe yakoze agakoryo, aho yavuzwe igihe yagwiza imikate n’amafi abantu bashonje.

Kirikou akaba avugishije abantu muri ino ndwi mu gihe hitezwe muri ino misi indirimbo yafashijemwo umuririmvyi Kivumbi King wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, iyo ndirimbo ikaba yakozwe igihe bari mu rugendo muri ico gihugu.

Kirikou akaba yaheruka gushikiriza ko hari ibikorwa bitari bike bakoreye muri ico gihugu bitarashirwa ahabona, ubu hakaba hagenda hasohoka kamwe kamwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775