BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Mu mezi abiri 600k Views ziba zirinjiye

Indirimbo Body ya D One na Social Mula mu mezi 2 gusa imaze ishizwe ahabona, iyo ndirimbo ubu imaze kurabwa incuro ibihumbi birenga 600 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

Iyo ndirimbo ikaba iharurwa mu ndirimbo zakunzwe uno mwaka twaraye turangije wa 2022. Ikaba imaze gushika ku nyota abatari bake, barimwo n’abaririmvyi ubwabo.

Alvin Smith umwe mu baririmvyi ba hano iwacu batarya umunwa, akaba aheruka gushikiriza ko naho abantu badashaka kuvyemera ngo iyo ndirimbo iri mu zakunzwe, ariko ikirengeje nuko iri mu ndirimbo nawe akunda cane.

Muri aya mezi abiri imaze, hakaba harabaye utuntu tutari duke turimwo n’isohoka ry’indirimbo ya Social Mula, ivugwa cane ry’uwo muririmvyi w’umunyarwanda kubera urugendo yarafise ku mugabane w’Uburayi, co kimwe n’ikundwa birenze rya D one hano iwacu. Ibi bikaba bishoboka ko arizo zabaye imbarutso y’iyo ndirimbo ngo ikundwe birenze.

Nkuko vyagiye vyibonekeza, Indirimbo z’uyu musore zikaba zagiye zikundwa cane, guhera ku ndirimbo ya mbere yaririmbe, akanasohorera amasanamu. Iyo ndirimbo yahawe akazina ka Waiting ikaba imaze kurabwa incuro zirenga ibihumbi 387.

Amasanamu y’iyo ndirimbo akaba agiye gukurikirwa n’ayandi uwo muririmvyi nyene ariko arakora nkuko aheruka kubishikiriza ku mbugahwaniro asanzwe akoresha.

Iyo ndirimbo Body ikaba yaciye ija mu Kibanza ca 1 mu ndirimbo zimaze kurabwa cane kuri urwo rubuga rwa YouTube rwiwe. Indirimbo ya 2 ikaba ari Morning Love imaze kurabwa incuro ibihumbi 546, Zero n’ibihumbi 510, Waiting imaze kurabwa incuro ibihumbi 387, ubwoba ni incuro ibihumbi 236, umunyuka nayo ikaba imaze kurabwa incuro Ibihumbi 184. Izo ziba arizo ndirirmbo zifise Views zirenga 100,000 ku rubuga rwa YouTube rwa D One.

Hagati y’indirimbo nshasha hamwe na Body imaze amezi 2 hakaba hanaheruka gusohoka EP yise Doctor Love, iyo nayo ikaba igizwe n’indirimbo 5 zimaze kurabwa incuro ibihumbi 159 mu ndwi 2 ziheze isohotse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 783