BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ku musi wa 5 niho umuhisi Bernard azoshinguranwa iteka

Uwo bari bakunze kwita Bernard Nkundabantu yitavye Imana kuri uyu wa 6, azoshinguranwa iteka kuri uyu wa 5 igenekerezo rya 24 nzero 2020.

Amakuru dukesha abegereye umurwi uriko wiruka ku bijanye no gushingura uwo musore twabuze tutanse, avuga ko isaha 2 z’agatondo bazoba bariko bamusezera ku bitaro vyitiriwe abasirikare (Hospital Militaire).

Isaha zitatu, ikiziga c’uwo muririmvyi yaserukiye Uburundi akatari gake mu masabukuru atandukanye kw’isi, kizoka kiriko cerekeza mw’itongo ry’abapfuye riri ku Mpanda, ahacaguwe ngo hazoruhukire umubiri w’uwo muhisi.

Kubera ikibazo c’uburyo umuryango w’uwo musore warufise, amakuru ava mu begereye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi avuga ko hari uburyo buriko butangwa n’abaririmvyi bagenziwe bari mu mahanga.

Ayo makuru akaba yaciye ashimangirwa n’uko Kaka Boney yasavye aciye ku rubuga rwiwe rwa Facebook abaririmvyi batandukanye batari mu murwi wa Whatsapp w’abaririmvyi bari mu mahanga kugira ico bakoze ngo uwo muririmvyi abashe gushinguranwa iteka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775