BurundicultureEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Kwoba ari uguter’imbere canke habaye ugusubira inyuma?

Imyaka yaba Canco na ba Torobeka Joseph ishobora kuba myiza mumuziki kurusha ubu?
Amahane akomeza kuhaba mu mvugo za bamwe bamwe bivuye kuri iri jambo ry’uko umuziki w’Uburundi woba warateye imbere hakabaho abemeza ko ataho wagiye ahubwo habaho akantu gato ariko ngo nako kuba ari nko kwikanga.

Ijambo ngo Umuziki wacu warateye imbere rikomeza kuvugwa cane mu nsamirizi ndetse n’imboneshakure zimwe zimwe zikorera kuri YouTube ndetse bikanemezwa na bamwe mu baririmvyi naho hari ababihakana.

Iyo ubajije umuririmvyi canke umukunzi w’Umuziki w’Uburundi uti: Mbega ubona hariho itandukaniro ubu na kera mw’iterambere ry’umuziki ndundi?

Benshi bagira bati #EGO

AKARORERO: “Uravye aho umuziki w’Ubu uri ukaca uraba no mu myaka yahera biratandukanye cane kandi uravye ubu Abaririmvyi bacu barashigikirwa n’amashirahamwe naho atari cane ibiteramo bikaba tukanakira Abaririmvyi bavuye hanze y’igihugu baje gukora ibiteramo.”

Ikibazo canje kiza ngaha :

Koko iri n’iryo terambere Umurundi wese akwiye kwishimira?

Iyo bamwe bavuze ngo uravye mumyaka yahera hari aho batarenza mukuraba iyo myaka yahera, ariko wasubira inyuma cane uza gusanga umuziki wacu warakorotse bivanye n’urugero waruriko ukaca uraba ubu.
Ati gute?:
Mumyaka ya Canco Hamissi, Nick Dave, Africa Nova,……..Tec
Torobeka Joseph, Mijuriro Matias, n’abandi, Uburundi bwaraseruka cane mu makungu aho ubona ko Uburundi bwaboneka cane kandi cane mubihugu vy’abera ndetse hagakorwa Tour nka Europe yose ndetse bakagera na za Asia aho twoshimikira kubaririmba akaranga nk’abatama uyu musi bakihari nk’Umugwi #ABAGARUKIRAKARANGA ndetse ayo mahirwe yanabonetse cane ku bana babiri b’Uburundi aribo Alfred na Bernard (Nkundabantu) bo bivugwa cane ko babashije no guhagarara kuri stage imwe n’umuririmvyikazi w’igihangange kw’isi ariwe azwi nka Beyonce, bamenyekanye cane mbere no kw’isanamu riberekana bari imbere y’isinzi ry’abantu mugihugu ca Brazil.

Ariko ivyo vyose urwaruka rw’uyu musi turirengagiza ko vyanabayeho, tukayaga aho tubasha gushikira.
Aho hambere twumva benshi kumunwa haranabayeho ukuboneka mu mahiganwa akomeye muri Africa ariko uyu musi atamuririmvyi n’umwe ahonyozayo ikirenge mugihe mu myaka yahahitiye haboneka n’ubwatahukanye Abaririmvyi babarundi.

Mbega koko nk’umurundi uravye ubu n’ivyo bihe koko Uburundi mumuziki bwarateye imbere canke bwarasubiye inyuma?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 777