BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Linah Blanche yavuze wa muntu aheruka kumugirira nabi

Linah yavuze uwamukoreye nabi, anavuga n’ico yibaza ko vyoba vyavuyeko. Ariko akagirako anasaba ko bokingirwa.

Linah co kimwe n’umushingantahe wiwe Vivi bavuze ku wuheruka kugirira nabi uwo muririmvyikazi w’umurundi, aho yariko arataha aho basanzwe baba. Ariko agasaba kandi ko bokingirwa bagahabwa umutekano ukwiye.

Mu kiganiro na Mashariki Tv, Linah co kimwe na Vivi bemeza ko ikiri inyuma y’iryo girirwa nabi ari ubukozi bw’ikibi gusa, Ngo nta kindi kivyihetse inyuma. Igituma ngo nuko uwamukoreye ivyo ashobora kuba atanazi nuko ari n’umuririmvyikazi.

Muri ico kiganiro Vivi yavuze ko ico basaba ubutungane nuko bwokora akazi kabwo, ariko kandi ngo bwaragikoze kuko iyo nkozi y’ikibi yarafashwe, naho vyabanje gufata akanya kuko babanje kwiruka barondera uko yovurwa, imbere yuko baja kwitura ubutungane.

Mwomenya ko Linah yakubiswe ikintu mu mutwe mw’ijoro ry’umusi wa 1 rishira uwa 2, aho umuntu bavuga ko ari umuzamu yamwirutseko akamukubita ikintu mu mutwe. Ivyo bikaba vyabereye muri Zone ya Musaga aho uwo muririmvyikazi n’umushingantahe wiwe basanzwe baba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775