africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Lynn na Diamond ngo barabanye anamwerekana iwabo, n’ubugeni ngo bwari hafi

Umwe mu batanzaniyakazi bakunzwe cane, Lynn, yavuze uko babanye na Diamond imbere yuko azana Tanasha amusubirije Zari.

Nkuko amakuru dukesha Ghafla abishikiriza, ngo hampande ya Zari, Diamond yaranikora kuri Lynn. Uwo ngo yari yaranamupangiye inzu imyaka 2 yose, aho hari mu gihe barikumwe mu rukundo na Zari.

Uwo mwigeme yavuze ko ata kibazo yarafise kuba yari mu rukundo n’umugabo w’abandi, igituma ngo nuko Diamond asanzwe ari umusilamu, uwurekurirwa n’idini ryiwe kurongora abashika kuri 4, nkuko yabandanije abishikiriza.

Lynn yanabwiye ico kinyamakuru co muri Kenya gifise ishami muri Tanzania ko yerekanye Diamond muhira iwabo, amwereka abavyeyi, aho ngo hari mu gihe bari bageze mu rwego rw’aba Fiancé, kuko yari yanamubwiy ko ashaka kumushira munzu, kumurongora.

Naho bari bagerageje gutera intambwe zose zishoboka, mu mpera za 2018,abo bakunzi ntibabashije kubandanya urugendo rwabo kuko bahavuye batandukana imbere yuko Tanasha yinjira mu mukino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769