Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Menya uwatumye umuririmvyi Aimable Tayaya agaruka ku kivi yasa n’uwari yarahagaritse

Aimable Tayaya ngo ntiyari yarabuze ahubwo yarakora ibikorwa hama ngo bihura n’ingorane kubari babimukoreye aca abanza kwinyegeza gato mukubanza kwiga isi uko imeze n’ukwihangana afise aho kugera ngo nakare iyubonye inzira uriko uracamwo yase uca ubanza kubangira ariko ngo vyose  Imana yarabimukijije ngo igihe ciwe nticari bwagere akaba agarutse mugukora akazi kiwe aho yanakoze indirimbo iriko ivyifatamwo neza izwi kw’izina rya Kidahaga indirimbo yanditse afandikanyije n’umukenyezi wiwe arinawe yabanje kumwereka amajambo arimwo amubaza ko yoba ari amajambo meza canke harimwo imvugo mbabarira matwi. Akanamushimira kubera ari nawe yanamugarukanye mukazi k’ukuririmba kuko kuva babanye nawe yahuye afise impano y’ukuririmba.

Aimable Tayaya inyuma y’ukugaruka mukazi kiwe k’umuziki  mu kiganiro yahaye Indundi Magazine akaba yavuze ati :

“Dukunde ivy’iwacu muguha agaciro abaririmvyi b’iwacu  kuko ntitwumva ukuntu babatesha agaciro mu muziki abarundi ngo bige gukunda ivyiwabo gushika ubu sindatahura abarundi uko bameze aho ushobora kuza gusaba ikibaza ukoreramwo amasanamu bakakubaza ngo uruwo kwande kandi bakubona ko uri umurundi, none bazokwerekana ubwiza bw’igihugu cacu gute?”

Ngo nayo amarira abaririmvyi b’abarundi bafise nk’uwobegeranya umwe wese akavuga ingorane ahura mukazi kiwe ngo amarira borira ntiboronka naho boyakwiza.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe ariko arabategurira ibikorwa bitandukanye bizoza bifise n’amasanamu kuko ubu yaje yiteguye atagusubira inyuma mukazi yiyemeje haba mugutanga impanuro zitandukanye abicishije mu muziki akakora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769