BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Miss Erica na Natacha ntibariko barabihurizako umwe wese akeka ko ariwe ntare Y’ingore

Twibukanye : Haraheze igihe kitari gito umuririmvyi kazi w’umurundi Natacha ahaye izina mugenzi we Sat-b mukumwita Intare y’Ingabo (Simba Dume) maze nawe akiyita Simba Dike, ariko ubu hasa n’ahagiye kwaka umucanwa udasanzwe kumpande zose zibiri.

Kuva aho bimenyekaniye ko umwigeme afise impano idasanzwe atakiri muri Label ya Kiwundo isanzwe ikorera mu gihugu c’Urwanda Ni Miss Erica Ubu bimaze kumenyekana neza ko abarizwa munzu isanzwe irongowe n’Umuririmvyi Sat-b ariyo Empire Avenue ndetse Ubu vuba bwango umwanya n’umwanya bashira hanze akaririmbo katarashobora kumenyekana neza izina rizoba rikagize ariko bamaze kumenyesha ko ari Miss Erica azoba arikumwe na Sat-b muri ako karirimbo.

Abicishije mukiganiro yakoranye n’imwe muma Tereviziyo akorera kurubuga rwa YouTube ni Miss Erica yashikirije amajambo abenshi bibajije ko hoba hagiye kwanduka umucanwa udasanzwe hagati ya Miss Erica n’umuririmvyi kazi Natacha
Miss Erica araba Camera asa n’uwuri kubaza abamukurikirana yabajije agira ati:

”Nani alisema kwamba ye ni Simba Dike??? Hakuna Simba Dike ni Miss Erica, Small Mama…..”

Mururimi Ka ukore aho yashatse kuvuga ati:
”Ninde yavuze ko we ari intare y’ingore?? Oya ntawe ntare y’ingore ni Miss Erica, Small Mama……”

Amajambo Miss Erica ubona ko yavuze asa naho ari kwerekeza kandi yemeza ko vuba bagiye kubona inguvu n’Ubushobozi bwiwe muri Uno muziki wa 257🇧🇮

Ivyo bikaba bibaye mugihe Itariki imwe y’ukwezi kwa nzero uyu mwaka wa 2020
01/01/2020 hagiye kuna igiteramo kizoba giteguwe n’iyo nzu nyene (Label) ya Empire Avenue aho ubona ko hazobamwo abaririmvyi bose ba Empire Avenue ndetse n’abandi benshi bariko barakora nkuko bimenyeshwa n’abasanzwe baringoye Iyo Label vuba bwango bagiye gushira ahabona amazina y’abazoba bari mur’ico giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775