Entertainmenthomepage

Mkombozi yaribwe none agashavu ni kose

Mkombozi ngo ibintu vyo kurindira ko akora amasanamu y’indirimbo ngo agiye kubihagarika, ubu agiye gusubira Kandi gusohora Indirimbo ari ama Audio gusa.

Mu kiganiro Open Mic aho yari umutumire, uwo muririmvyi yamenyesheje ko baheruka kwibwa Camera bariko bakora amasanamu ya nyuma y’indirimbo yari muri gahunda yo gushirwa ahabona.
Muri ako kababaro, uwo muririmvyi yamenyesheje muri ico kiganiro ko ahagaritse kugumiza amaso Kuri Video, kugira abashe gusohora Indirimbo, ahubwo ngo agiye gusubira gusohora ama Audio gusa.
Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu gihe hariko havugwa ikibazo c’indirimbo nke zimaze gusohoka kuva umwaka wa 2023 utangura, abatari bake bakaba bavuga ko ivyo babishira kw’ibura ry’amafaranga yo gusohoza amasanamu y’Indirimbo.
Umwe mubo barikumwe muri ico kiganiro ariwe Dj Paulin akaba yamenyesheje ko abaririmvyi batari bakwiye kugumiza agatima ku masanamu Kandi bafise ubushobozi bwo gusohora ama Audio y’indirimbo zabo.
Umukenyuro DJ Paulin yashikirije ukaba wari uko abaririmvyi bofata akanya bagasohora Indirimbo n’ubwo hoba buri kwezi, gutyo muri nyinshi zasohotse ngo hakaba ariho hatorwamwo zimwe murizo zizoba zishobora gukorerwa amasanamu.
Uwo mukenyuro ukaba ngo ari nawo uwo mu DJ akaba n’umwe mu bajenama b’abaririmvyi bamwe bamwe yahaye abaririmvyi basanzwe bakorana nawe.
Ku batavyibuka, DJ Paulin aheruka gushikiriza ko Drama T afise Indirimbo nke cane zakunzwe, azosohora Indirimbo 2 imbere Yuko umusi w’igiteramo afise mu bihugu vy’ububirigi n’ubugaransa biba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 705