Entertainmenthomepagekirundi

Ntander’ugira ngo niyo iri mu nzira Kwa B Face

Muribuka ashikiriza ko Indirimbo ntandero ugira yabaye irashirwa ku ruhande kuko hari ikibazo cahabaye, ubu ngo iyo ndirimbo n’iyo isubiye Kandi kugarukanwa.

 

Akoresheje imbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha, uwo muririmvyi yamenyesheje ko abafana biwe bokwitegura kuko iyo ndirimbo iri mu nzira.
Ayo majambo yayaherekeresheje amashusho yavuzweko n’abatari bake kuko yari yambaye agashati gafunguye ibifungo. Akavuga ko bamwe bubaka amazu, abandi bubaka amazina ku nduru nyinshi.
Uwo muririmvyi yabwiwe na bamwe mu babashije kubona iyo Post ko nawe biboneka ko hampande y’abubaka ivyo yarahejeje gushikiriza ngo nawe yubaka ama abdomino.
Iyi ikaba ishobora kuba ariyo Post ya mbere ya B Face ibonetse yambaye umwambaro umeze uko. Kuko akatari gake adakunze kuboneka yakuye agahuzu.
Ku rubuga rwa Instagram naho, uwo muririmvyi akaba yagarukanye ka kantu ko kunuka kamenyekanishijwe na DJ Paulin, aho yabwiye Miss Ngaruko ko yoraba akamutegurira aga Perfum kugira ntaze ahave anuka.
Naho biri uko, isohoka ry’iyo ndirimbo, ntiharamenyekana ryari rizobera, canke nimba izosohoka ari Audio canke izosohokana na Video.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753