BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mow Kanzie ngo yipfuza Collabo na Chris Lamez

Ijwi n’ubuhinga bwa Chris Lamez mu kuririmba vyateye incuti yiwe akaba n’umuririmvyikazi, Mow Kanzie, gushaka kuririmbana nawe.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Mow Kanzie ntiyariye umunwa mu kuvuga ko yipfuza ko Lamez nawe yomuririmbira ku musi w’ubugeni bwiwe.

Hampande y’ukwipfuza akaririmbo ku bugeni bwiwe, yanashatse ko bokorana Indirimbo, kubera uburyo aririmba Kandi anandika, nkuko vyabonetse mu karirimbo yakoreye umuvukanyi wiwe ku bugeni.

Lamez yabiteye ivyatsi, Aho yamwishiye akoresheje urubuga rwa Instagram nawe nyene ko iyo Studio azoyijanamwo wenyene.

Mow Kanzie akaba abishikirije mu gihe amaze igihe kitari gito adashira ahabona akaririmbo kiwe na kamwe, kuko agaheruka Ari Ndapfuha yakoranye na Kidum yasohotse haraheze umwaka, ariko Kandi inyuma yaho akaba yarafashije wiz Design muri Mode Avion.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775