Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Mr Champagne aramenera inda k’urukumu ko buba ari uguswaganya

Mista Champagne ni umuririmvyi akunzwe cane kuri video akunze gukora asa nuwutanga ubutumwa kuri uyu canke uriya ariko ugasanga hari bamwe babifata nka Comedy bivanye n’uko hari izo akora ariko aratwenza.

Akenshi umuririmvyi Mista Champagne arakunze kuboneka cane iyo arikumwe n’umuririmvyi mugenziwe ko ategerezwa gufata video akerekana umunezero kuba arikumwe na mugenziwe canke bamwe mubakunzi b’ibikorwa vyiwe.

Mu gikorwa co gukunda gushira ahabona amasanamu atwenza canke atanga ubutumwa ni Mista Champagne yatanze ubutumwa busa n’ubwafashwe ukuntu gutandukanye n’uko ubutumwa bwiwe bwahora bwakirwa, aho yatanze ubutumwa agira ati:

“Ubu butumwa ndabwerekeje kuri mwebwe abaririmvyi bagenzi banje, iyo umuririmvyi yumva ashaka gushigikira indirimbo canke ashigikire umuririmvyi mungeziwe ntibikwiye na gato ko ubikora kuri Status ya Whatsapp kuko ni n’uko umuntu ashobora ku block abantu bose hagasigara uwo yashize kuri Status ariko nimba bikwiye ko dushigikira umuririmvyi iyo yipfuza gukora ico gikorwa akwiye gushira igikorwa canke umuririmvyi yobikorera kuri page yiwe official yaba Facebook canke Instagram ho hamufasha kumenyekana baciye kugikorwa uba ukoze kandi ejo bizogaruka akagushimira.

Aho ni mugihe Champagne avuze ayo majambo aho yariko yitegurira gusohora indirimbo yiwe yashize ahabona kur’uyu wa 27/01/2020 indirimbo yise Futa Number.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769