BurundiDiasporadiaspora musicdiaspora music videoÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Mt Number one yagarutse ku bucuti bwiwe na Big Fizzo na Sat-b

Mt Number one ngo nta mugambi afise wo gukorana indirimbo n’umuririmvyi akomeye hano iwacu, ahubwo ngo abaririmvyi bamwe bamwe bakiri hasi nobo bariko barashaka gukorana nawe muri ino misi abarizwa u gisagara ca Bujumbura.

Mu kiganiro na Indundi Tv, uwo muririmvyi yamenyesheje ko naho atawe bazokorana bidasigura ko badakora, ngo barakora, ariko ubu ntaw’umutera amatsiko yo gukorana nawe.

Mt number one bamubajije uko abona umuririmvyi Sat-b kuva bakoranye igikorwa cakunzwe n’abatari bake, My Only one. Yavuze ko vyukuri Sat-b ari umuririmvyi akorana cane, ariko Atariwe wenyene kuko ngo muri rusangi abaririmvyi b’ibibihangange mu Burundi bariko barakora neza.

“Sat-b n’umukozi musanzwe mubizi, Il faut yuko iyo ubona umuntu akora uvyemera, apana bimwe usanga aba star dupingana. Aba Star bose barakora.”

Nayo ku bucuti afitanye na Bantu Bwoy kubera ugushira ku mbuga ngurukanabumenyi zabo Collabo yakoranye na Sat-b kandi basanzwe bari bafitanye ikibazo (Sat-b na Big Fizzo). Mt Number one avuga ko ata bucuti budasanzwe afitanye n’uwo muririmvyi.

“Ubucuti burahari nkuko twese duhuriye ku bikorwa, Fizzo n’umuntu nzi kuva ntariyumvira kuririmba, Nakuze numviriza indirimbo za Fizzo, ba Lolilo n’abandi. Fizzo n’umusaza umuntu akwiye kwubaha kuko n’umu Legends. Twese twakoze umuziki kubera twabonye ba Fizzo bawukoze, batubereye icitegererezo.”

Ku kibazo c’umugambi wo gukora umuziki n’uwo muririmvyi, Mt avuga ko iyo yakoranye na Sat-b yategerezwa kuyikorana na Big Fizzo, ariko akanya ntibabasha kugahuza. Ariko ngo ari nka hamwe bigeye mu migambi arashobora gukorana nawe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 780