BurundiDiasporaEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Mt Number one yagarutse ku kiyago yagiranye na Ambassadeur Jean De dieu Ndikumana

Mt Number one ngo icizere ni cose ko abantu batandukanye bazoshikirwa mu migambi Ambassadeur Jean De Dieu Ndikumana afitiye abarundi bari muri Amerika.

Ico cizere uwo muririmvyi wacu akaba agifise inyuma yaho aganiririye n’uwo muserukizi w’Uburundi muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

Mt yagize Ati :”Ntabwo twaganiriye vyinshi kubera umwanya, hariho ibintu yaragiyemwo. Mu majambo twaganiriye nubwo yari make, narabashije kwumva ko hariho icizere ku Bantu b’abanyamwuga nkatwe, abantu bakora ibintu vya Entertainment, abafise ibintu vy’imicokama, canke amashirahamwe akunda gutegura ibintu bihuza abarundi. Arambwira ukuntu ari mu bantu bakeneye kubona amashirahamwe y’abarundi muri Amerika, ategura ibintu mu muco mwiza, canke bishize hamwe. Nico kintu nashimye, kubera naje ubwanje nk’umuririmvyi, ndipfuza kubona amashirahamwe ategura ibintu bihuriweho n’abarundi benshi, Kandi hagategurwa ibintu bifise Intumbero ubona ko bifise intambwe bishobora gushikana ku muntu afise ico aserukana muri community y’abarundi.”

Muri ico kiyago Mt akaba yavuze ko ashima kuzosubira Kandi kuvugana n’uwo muserukizi w’Uburundi muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779