BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mkombozi ngo indero ntagira

Igihe abaririmvyi bazogira indero, ngo nico gihe abaririmvyi bazokwizera kubona abafana bagiye kuraba ibiteramo vy’abo ari benshi. Ivyo nivyo biheruka gushikirizwa na bamwe mu bafana bishura kuco Mkombozi yari yishuye B Face aho kuvuga abafana akavuga ibifana.

Ubwo butumwa bukaba bwabonetse ku rubuga rwa Facebook rw’ikinyamakuru Akeza, aho ico kinyamakuru Cariko kivuga Ico Mkombozi yishuye B Face ku kwidoga yagize Aho mu giteramo ca Burundian Hits abafana batabonetse bari bake.

Mkombozi yanditse agira ati :” Ivyo bifana haje abanyamahanga umengo babiterefonye. Narakubwiye B Face muri Kimwe ku kindi, waracumuye mu kubivugira, ngo biritanga Kandi vyitanga gahoro. Iyumvire urya murundi w’abaririmvyi kuri 10,000 ikarutwa n’umunyamahanga umwe kuri 100,000?”

Bamwe mu bafana bagize ico bashikiriza kuri Facebook ya akeza, bavuze ko abaririmvyi bakwiye kubanza kwiga gufata abafana neza, ico kikaba caranashikirijwe na Issac wo muri Isaac Tv ko ugufata abantu neza, coba kiri mu bituma abafana batayoboka ibiteramo vy’abaririmvyi b’abarundi.

Ikindi cabonetse nuko umuririmvyi Mkombozi yabwiwe ko abafana baja aho bashatse, ngo ntibari bakwiye kurabwa nabi kuko batagiye iyo babahamagaye, kuko ngo amafaranga n’ayabo.

Abandi nabo bakaba bavuze ko abaririmvyi bari bakwiye kwiga vyukuri ikibazo aho kiri kugira noneho abo bafana ntibaje mu biteramo vy’abarundi bakaja mu banyamahanga.

Abandi bo bakaba baciye umurya bavuga ko nimba abanyamahanga baza ngaha bakayora ayo mafaranga, ngo n’abarundi nibajeyo, kuko ikibano kirakengeretse.

Umuririmvyi mugenzi wabo Kaya Free asanzwe aba ku mugabane wa Amerika neza neza muri Canada, nawe akaba ataretse kubavunira akagohe, aho nawe asa n’uwifatanije n’abandi, mu kwereka abo baririmvyi ko iyo ngendo itariyo.

Kaya yanditse agira Ati : ” Mumbabarire bagenzi b’aba Artistes dukora umwuga umwe Kandi turi n’abajama uko muri deux. Impanuro y’umu Brother : UMU FAN NTUMUFATA KU NGUVU SI VYIZA! UMU FAN AKUNDA UMUZIKI YASHATSE KANDI NTAWUKUNDA KU NGUVU! UMU FAN NIWE ATUMA UBA UMU STAR! BUKEBUKE NIRWO RUGENDO kandi ngo UWITONZE AMIRA IBINOZE”

 

Iryo bomborobombora rikaba ribonetse inyuma yaho ico giteramo Cari citabiriwe n’abaririmvyi batari bake b’abarundi citabiriwe n’abafana bake cane ugereranije n’isinzi ry’abantu bari bagiye kwitabira igiteramo ca Israel Mbonyi, kuri Zion Beach. Ukwinjira muri ivyo biteramo bikaba vyari bitandukanye cane, kuko hari ugwije n’incuro 10 amafaranga bariha hamwe. Ariko ivyo bikaba bitabujije abafana kwitabira ku bwinshi ibiteramo vy’uwo muririmvyi vyari bimaze gusiba akatari gake.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758