Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Naho ikibazo c’ubukene bw’abakobwa kibandanya kiboneka muri Entertainment we arabandanya

Abandanya yerekana ubutwari n’ubutore bwiwe naho bitoroshe muri kino gihugu cacu ko tubona abaririmvyi b’abigeme bashinga imizi muri uno mwuga wo kuririmba.

Ni Esther Nish inyuma yaho aviriye mu gihugu ca Kenya abandanya yigaragaza kubasanzwe bakurikirana uno muziki w’Uburundi akanemeza neza ko ashoboye kandi anakwiye gushigikirwa.

Aho indundi yamwegera imubaza zimwe mu ntambamyi agenda ahura nazo yarishuye agira ati :

“Ego biragoye, wanashima bigoye raba abigeme benshi twari dufise bazi kuririmba neza ubona hasigaye bangahe? Dufatwa nk’abamalaya ivyo dukora bakavyita ubuhumbu”.

“Aha iwacu biragoye cane ko abavyeyi batahura ijambo umuririmvyi w’umukobwa kuko ino baca babona ko uwabo agiye kwononekara atakivuyemwo ico bari bamwitezeko bakibagira ko hari benshi batunze imiryango biciye mumpano zo kuririmba”.

Esther Nish abajijwe ko we ivyo atakibazo vyomutera mukumuca intege mu mwuga wiwe yasubije yemeza ko atagusubira inyuma ari urugendo yatanguye kandi atakurota ahindukira ahubwo asaba gushigikirwa cane ngo na cane cane ko abigeme babuze hari hakwiye gushigikira abariko barakora kugira ngo kube uguhimiriza abandi bigeme baryamanye izo mpano zo kuririmba baze berekane ico bashoboye.

Aho mwomenya ko Esther Nish abandanya gukora cane aho aheruka gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha yise WARADEKONYE isanzwe iri kurubuga rwiwe rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769