EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Natacha abuze mu giteramo ngo ntigica gihagarara

Ibura rya Natacha mu giteramo ca Natacha ngo ntaco rihindura, kanatsinda ntazonasubirizwa kubera abaririmvyi bateguwe ngo bakwiye.

Natacha muri kino gihe ngo ntakiri umuririmvyi akirondera udufaranga, nico gituma badashobora kwemera kwitabira igiteramo kidakurikije ivyo baba bavuganye n’ababa bariko baragitegura. Ivyo bikaba vyaraye bishikiririjwe ku nsamirizi Radio Colombe na Raphael Nyandwi, asanzwe amuvugira kandi akaba na Manager wiwe ku nsamirizi.

Naho atashikirije neza neza ikibura, uwo musahiri wa Natacha avuga ko abariko barategura ibiteramo bimwe bimwe baba bashaka abaririmvyi bifatira mu rwara, mu kubemeza ivyo baba batipfuza. Aho akavuga ko umuririmvyikazi Natacha atakiri muri abo.

Ivyo akaba yabishikirije mu gihe ku Nsamirizi Buja Fm naho abariko bategura ico giteramo nabo bashikirije ko ibura rya Natacha muri ico giteramo ata kibazo giteye kuko abaririmvyi bari bateguwe ari abatari bake. Abo nyene bakaba bavuga ko uwo muririmvyikazi badashobora kumwemerera ko yinjira mu buryo bategura ico giteramo.

Umurwi wa Cristal Event usanzwe uriko utegura ico giteramo ukaba wamenyesheje ko Natacha yoba yasavye ko yoririmba imbere ya Shebbah Karungi, ni ukuvuga ko yoririmba imbere y’uwa nyuma, ata wundi abaciye hagati.

Ubu rero bikaba bitaradadanuka, naho Cristal Event yo ivuga ko Natacha na Club du Lac bagiye gukurwa kuri Affiche zari zaramaze gusohorwa. Bikaba bikigoye kandi kumenya aho bazokorera ikiganiro n’abamenyeshamakuru, co kimwe n’ikibanza Sheebah azoshikiramwo, kuko ivyo vyose vyobereye muri Club du Lac Tanganyika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769