Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Natacha na B-face ngo bagiye kuvyerekana vyose baririmvye muri Video yabo

Inyuma yo gukorana indirimbo igatera uruhagarara mu bantu bivanye n’amajambo usanga mur’iyo ndirimbo, ni B-face yemeza neza ko iyo ndirimbo igiye gusohoregwa isanamu canke ico twokwita Video ariko bigakorwa aruko umuririmvyi kazi Natacha basanzwe barayikoranye ashitse mu gisagara ca Bujumbura avuye mu gihugu c’Ubutariyano.

Aganira na Indundi Tv ni B-Face yishuye bimwe mu bibazo bamwe bibwira ariko atemeranya nabo ku majambo bo bibwira
B-Face on the Flow asobanura agira :

“Hindukira nariko ndasaba umukuzi wanje dusanzwe duhuza twikundanira muri vyose ko yohindukira akaza tugakina agapira ariko ivyo abandi bantu bibwira ntabwo ari ukuri kuko ugerageje kwumviriza je namusaba ko yompa akanya nkamwereka neza uburyo ndi umuhinga mu gukina”.

Bamwe bakagira bati “Oya B-Face aranguha kuko ikirundi baririmvye twese turacumva kuko nimba yaririmvye umupira ntibari kuwukina ari babiri, canke ngo KIMUMENAGURE ataje ngo bakinane😂”

Naho bimez’uko aha na hariya we abicishije mu kiganiro Indundi Hits Show gisanzwe gica kuri Mghz 88.2 na 99.9, ni Manager wa Natacha yemeje neza ko Natacha agiye kugaruka mu gisagara ca Bujumbura kandi ngo vuba bwango bagiye kubashikiriza amasanamu y’indirimbo Hindukira barikumwe na B-Face aho ivyo baririmvye vyose umuco uzobonekera murayo masanamu kuko vyose bazovyerekana kugira ngo abagiye baravuga ibi na biriya bibonere ukuri.

Aha tukabibutsa ko inyuma yihinyanyurwa ry’iyo ndirimbo umuririmvyikazi Natacha ariho yaciye yerekeza mu gihugu c’Ubutariyano ariko akaba agiye kugaruka mu Burundi kuri uyu wa gatanu itariki 13/12/2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769