BurundiEducationgroups-at-messagekirundikirundi_SportsSantéSportsport_promotedyouth

Natation:Harategekanijwe ihiganwa ry’igihugu mu mpera z’ino ndwi

 

Abanonotsi b’urukino rwo kwoga (Natation)bazohiganwa mu mpera z’ino ndwi, kuva ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 31 Gitugutu gushika kw’igenekerezo rya mbere 01 Munyonyo mu bigo vya Entente sportive nkuko Indundi Sports yavyiganiwe na Basogomba Cassien batazira Fantômas asanzwe arongoye ishirahamwe ry’urukino rwo gusiganwa mu mazi Natation.

Abambere muri iryo higanwa bakazoserukira Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu yokinwa ku migabane yo kw’isi.

Bamwe mu banonotsi bamenyesha ko baryiteguriye neza kuko bazi akamaro rifitiye abaronka ibibanza vyiza.

Audrina , Mervin n’ibindi bihangange biritezwe muri iryo higanwa ry’igihugu .

Mwomenya ko abanonotsi Billy Scott Irakoze n’a Ganira Belly Crésus bahawe uburenganzira bwo kwiga barihirwa kaminuza kubera bakina neza urukino rwa Natation gutyo bikanatuma baserukira amashure bigako .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691