BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’iki ico Laurette TETERO yipfuza kuri Mb Data

 

Inyuma yaho akoreye indirimbo yiwe igira kabiri abifashijwemwo na Label ya Rockstone Kingdom munyuma agafata urugendo rumwerekeza mumahanga aho yagiye kwiga kandi ariko yemeza ko yagiye afise ibikorwa vyinshi bibitse bikoze kubwivyo kubibwira ko yohagarika umuziki ngo boba barabikura mu mutwe kuko umuziki ari indoto yamanye kuva kera kandi anafise ishaka ryogukora cane.

Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 2 Kigarama 2019 niho Laurette TETERO yashira ahabona icipfuzo c’umutima wiwe k’umururimvyi ariko arabica bigacika mu runganwe rwa none(Rushasha).

Yifashishije urubuga rwa Twitter yiwe yanditse agira ati :

Ibintu vy’umwaka mushasha numva umengo birashushe cane!!
Aho ndiko ndakatika kuri « Kata » ya MB Data, mwumva gute ndamurondeye tukabakorera agasupu k’umwaka mushasha😋😋😋”.

Aho inyuma yaho bamwe mu bamukurikirana banditse bagira bati: “ahubwo wadutebeje, Niwayisohora urandya akara, Bikore vuba imisi yabaye myinshi…….etc

Tumubajije we ubwiwe yishuye ati:
”Yemeye tuzokora nyene”

Aho ivyo bibaye mugihe muri Management y’uwo mwigeme akiri muto mu mwuga wo kuririmba ariyo TETERO Management bemeza ko uwo muririmvyi afise indirimbo nyinshi nziza kandi zikoze kubuhinga bushimishije aho zizosohoka atakugaya bizobamwo kuko ngo nimba abakunzi bumvise Nyemerera nk’iyambere nuko ngo ata mukuru abura mukuruwe, abantu bitege iziri inyuma ngo kuko ntakwidoga bizobamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775