AwardsEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasanipromoted

Ng’iki ikindi kintu gihambaye umuririmvyikazi Natacha yaraye akoreye abarundi

 

Hari igiye c’isaha zitatu n’inusu mu Buganda kw’igenekerezo rya 6 Kigarama 2019 aho umuririmvyikazi Natacha yatera iteka i gihugu camwibarutse mu gutahukana akandi gashimwe ko mu gihugu kibanyi c’Ubuganda inyuma y’akandi gashimwe yaheruka gutahukana muri ico gihugu nyene k’ihiganwa ryitiriwe Hipipo Music Award aho yashoboye gutsinda ibihangange bitari bike vyari mu murwi yararimwo witiriwe Africa Fans Favorite Fresh Talent harimwo nka Mbosso wo muri Tanzania, Mankind (Kenya), Joyce Blessing (Ghana), King Monada (South Africa), Shekhinah na Yovi wo muri Nigeria, ubu naho akaba yatahukanye akandi gashimwe ka Rising Music Award 2019 muruhande rw’abafise impano (categorie) ya New Talent.

Umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka akaba akengurukira cane abarundi n’abantu bose bamutoye kugira atahukane iyo ntsinzi atibagiye n’ibimenyeshamakuru vyose kuri uwo mutima mwamweretse  wo gukunda igihugu ngo nakare nkuko yama yabivuze intsinzi ya Natacha Ngendabanka si intsinzi yiwe gusa ahubwo ni intsinzi y’igihugu cose abarundi bose tuyigine.

Akaba atahukanye ako kashimwe mugihe bitakunze ko ashika muri ivyo birori vya Rising Music Award akaba yari asanzwe ari mukaruhuko mu gihugu c’Ubutaliyano icanatumye adashika muri ico kibaza.

Mwomenyako kandi ko aronse ako gashimwe  mugihe turiko turasozera uno mwaka wa2019 aho wewe avuga ko uno mwaka ugiye gutangura wa 2020 woba uwugukora cane kuriwe eka no kubaririmvyi bose maze bakazoronka ubushimwe bwinshi butandukanye buvuye mu bihugu bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769