BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’izi Collabo zikomeye Lolilo agiye gukorana n’abaririmvyi b’abarundi

Inyuma yo kugenda akora zimwe mundirimbo zigakundwa n’abatari bake hano mugihugu ndetse n’abari hanze y’igihugu ni Lizzo abandanya akora ibikora inka muri uyu muziki w’Uburundi aho ubona ko abandanya yigarurira imitama y’abatari bake mugukora indirimbo zifise Ubutumwa bwiza ndetse zigasohokana amashusho abereye ijisho.

Ni Lolilo Inyuma yo gushira ahabona indirimbo yiwe yise KAMEDATA yashikirije amwe mu mazina akomeye agiye gukorana nayo hano mu muziki wacu aho ubona yazishize kurutonde uko zizokurikirana.

Abicishije ku mboneshakure ikorera kurubuga rwa YouTube (Platform Show) yagize ati:

“Egome Collabo yajewe na Sat-B iriko irategurwa kuko Management zibirimwo ariko hazotangura gusohoka iyanje na Fizzo hakurikire iya Sat-B hama B-Face n’izindi nyinshi zikazoboneka kuko uyu mwaka ari umwaka wo gukora cane kuri Lolilo”.

Aho mwomenya ko umuririmvyi Lolilo atagihe kinini gihera adashize ahabona ibikorwa ubona yuko vyamugarukanye cane mumuziki bitandukanye no mumyaka mike iheze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775