BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’izi ingaruka n’inkurikizi biterwa na challenge ya Big Fizzo na Sat-B

Ukutumvikana kuri ku mbuga ngurukanabumenyi hagati y’abakunzi ba Farious na Sat-B ni kimwe mu biriko bituma abenshi badahurumbira indirimbo mva mahanga ugasanga umwe wese kuruhande rwiwe ashaka kumenya ibivugwa kuwo asanzwe akunda kurusha, mbere ugasanga hama impari haba mu burere basanzwe babamwo ndetse no ku mbuga ngurukanabumenyi.

Bimwe mubibazo bikomeza kwibazwa aha na hariya ni:
1.Mbega koko Fizzo na Sat-B boba batumvikana?
2.Hagati yabo ninde muribo yoba aruta uwundi?
3.Ninde hagati yabo nka hamwe bishitse Uburundi bukarungika umwe ngo aserukire neza igihugu yoshirwa imbere y’uwundi?

Ivyo ni bimwe mu bibazo abenshi bama bariko baraharirako bamwe ngo ni Sat-B abandi nabo ati oya ni Fizzo, ariko nk’uko vyama mu mpari za benshi nta numwe aragenda avuze ati je nanyuzwe nivyo naka yanyumvishije kuko umwe wese ntiyemera ko umwe muri abo asanzwe ashigikiye yohava arushwa na mugenziwe.

Urashobora kuba wumvise akamaro ariko n’ubu utaratahura ingaruka mbi z’izo mpari, ngo zoba nk’izahe?

Ugerageje kuraba neza uruhande rwa ENTERTAINMENT hano iwacu ntirurakomera cane bigatuma iyo turiko turatera intambwe hakaza akantu gato katumanura bigorana mukugira dusubire kugera kuri rwa rugero twariko bigorana bikanasaba igihe kirekire.

Iyo akenshi hari impari ku kibazo ca FIZZO na SAT-B usanga hari abenshi mubaririmvyi baca basa n’abibagiranwa kuko usanga abakunzi b’umuziki bitwararitse ivyo bafata nk’amatati hagati ya Fizzo na Sat-B.

Iyo iyo ntambara ihari usanga nk’abaririmvyi benshi baba bipfuza gusohora indirimbo bibagora cane kugutinya ko zohava ziba akamizwe n’ingoma aho baba batinya ko bozisohora ntihagire abazimenya na canecane ko abenshi baba bitaye kur’ayo matati bikanatuma mbere hari n’abaririmvyi beza bagenda akagirire ukabura iyo barengeye; biramaze kwidogerwa cane ko abaririmvyi babiri aribo bamye bashirwa hejuru imbere y’abandi haba muguhabwa ibiteramo ndetse no guhabwa umwanya ukwiye ku masamirizi asamiranira hano mu gihugu cacu.

Ivyo bimaze kuba hahavuye hafatwa icemezo co gukora ico bise WHO’S THE BEST CONCERT igikorwa kiriko gitunganywa na LACOSTA BEACH aho ari igikorwa kigiye guhuza abo baririmvyi babiri FIZZO na SAT-B aho bazohurira kubutambiro (stage) bumwe ariko akaba ari igikorwa n’ubu tukibatohoreza neza uko kizoba gitunganijwe muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775