BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ngo iyaba umuziki waratey’imbere tuba twararonse abaririmvyi baserukira Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu

Emery Sun arasigura neza inyungu Uburundi bwoba bwararonse muri iyi myaka ibiri 2017-2019

Inyuma y’igihe umuririmvyi Emery Sun abuze umuvyeyi wiwe (PAPA) agasa nkuwibagirana mu muziki aravuga neza  ko ivyo kubura canke gusohora idirimbo ateba bitigeze biterwa namba n’uko akora karaoke nkuko benshi bagiye barabivuga ahubwo aruko ishure ryamuzibira, rimaze kuvamwo naho azi ko agomba gutangura neza umuziki haca hazamwo ikibazo c’urupfu rwashikiye umuvyeyi wiwe ivyamutumye kubaza kwicara agatunganya integuro y’umuryango wiwe kuko asanzwe ari n’umuhungu mukuru mu muryango

Nkuko yabivuze mu kiganiro INDUNDI HITS SHOW abajijwe kukibazo c’uko abona intambwe umuziki woba warateye mu myaka ibiri kuva mu mwaka wa 2017 gushika muruyu mwaka turangije  wa 2019

Ni Emery Sun mu nyishu yatanze yasubije anzunza umutwe agira ati:

“Abenshi barakunda kwikubita mugatuza ngo Umuziki wacu waratey’intambwe ishimishije, kuri radio ukumva umumenyeshamakuru arubahutse ngo turi mukibanza gishimishije twaratey’imbere cane ariko mukuri ugiye kubiraba siko bimeze namba”

“Simvuze ngo hano iwacu ntaho twavuye ntanaho turiko turaja kuko hari ibikorwa  vyakozwe kandi bishimishije bigenda biboneka hano iwacu ariko tuvuze guterimbre  turabe neza kuruhande mpuzamakungu ( international), n’uwuhe mu ririmvyi yasohotse igihugu yitabiriye amahiganwa mpuzamakungu nka AFFRIMA;KORA MUSIC AWARD,BEAT AWARDS canke basi yoba yaritabiriye ibiteramo nka kurya ba DIAMOND baje hano iwacu bakayora umufungo ungana ukuraho??”

Rero biratangaje ko twokwama tuvuga ngo twaratey’imbere mu gihe hari n’intambwe twari twarateye unomusi tutakibona .

Tuvyemeranye ko hari ibitagenda neza mu muziki kuko ibikigoranye n’uko hari abaririmvyi bakibeshera ubuzima barimwo ndetse batemera na gato ubuzima barimwo aho twovuga nko kubesha bibeshera kugafaranga bahabwa aho usanga umuririmvyi yaronse UMURIYONI ubwiwe akumvisha abantu ko yahawe IMIRIYONI CUMI  agashaka kwerekana ko abaye mu buzima buzimvye kandi usanga no gufungura ari ikibazo rero biragoye ko aba bagwizatunga bumva ko umuririmvyi w’UMURUNDI AFISE AMAFARANGA MENSHI Ariko bagatangazwa no kubona atanyungu kubuzima bwabo haba kuba bamfise inzu zabo canke ngo babe bafise imiduga myiza bigatuma bazana abaririmvyi mva mahanga bo berekana inyungu yayo bahawe  rero kariko karyo ko kugira ABARUNDI bakunde ivyabo ndetse n’abaririmvyi bareke kwerekana ubuzima batabamwo bakore berekane aho ubushobozi bwabo buri  n’intege zabo nke aho ziri  hama barushirizeho ugukundana kuko ikibuze uyu musi ruracari urukundo mubairimvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775