Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’uku ukuri ku mwigeme Ester Nish kubivurwa ko ari muri Label ya Bantu Bwoy inyuma ya Drama T.

Ester Nish umwigeme yagaragaye cane mu mwaka wa 2019 kundirimbo zitarinke zanagiye zirakundwa n’abantu batari bake abenshi bariko bibaza ko uyo mwigeme ashobora kuba  yinjiye muri Label ya Bantu Bwoy ngo ntabwo arivyo nagato.

Ku makuru Indundi magazine yahawe n’uwo mwigeme ngo ntabwo arukuri kubivurwa ko ari muri Bantu Bwoy ahubwo n’indirimbo yakoreyeyo arikumwe nuwundi muririmvyi aho atashimwe kuvuga uwobayikoranye n’igihe iyo ndirimbo izosohokera kuko wewe yagiye kumufasha gusa.

Mwomenya ko uwo mwigeme umwaka uheze yagaragaye cane kuruhande rwabigeme bariko barakora cane eka anasanzwe ari no mwihiganwa rya HiPipo  Music Awards kuruhande rw’abarundi kundirimbo Umbamwo yakoze arikumwe na musazawe Kidumu utibagiye ko nuyu mwaka dutanguye wa2020 akaba yawutanguye nama collabo atandukanye n’abaririmvyi bakirondeza cane mu gufatisha kugira ubutumwa bwabo bushike mu bakunzi b’umuziki ndundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769