BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasanipromoted

Ntibisanzwe hagati ya Big Fizzo na Sat-b, soma utahure ubutumwa bahanye

Inyuma y’igihe kitari gito bahuriye ku butambiro (Stage) bumwe mu gice ca nyuma ca Primusic ni Fizzo na Sat-b bo nyene ubwabo bavugiye kuri stage ko hagati yabo atakibazo ahubwo abantu bavyitiranya.

Inyuma yaho haragiye haraboneka amwe mu msanamu barikumwe basa n’abanezerewe basangira aho twovuga nko kugiteramo cari cabahuje bakira umugwi MAFIKIZOLO wo mugihugu ca Afurika y’epfo

Naho vyari bimeze uko bamwe mubakunzi bagiye baribaza bati :

“Mbega koko ubucuti burahari canke babikora kugira bazimye umunyamahanga bivyanye n’inkomezi baba baravye afise?, abandi nabo ngo mbega ubucuti bwabo bugiye gukomera kuburyo tutazosubira kubona ya majambo bahora baterana kumbuga ngurukana bumenyi?”

Ariko naho ivyo vyose vyagenda biraba muri ubwo buryo harabonetse amwe mu majambo asa n’ayacafuzana, Nimugihe Sat-b yari murugendo rwo kumenyekanisha ibikorwa vyiwe vy’umuziki Na cane cane indirimbo yiwe Don’t cry yakoranye na Asley wo muri ico gihugu ca Tanzaniya.
Amwe mu majambo yahabaye harabaye ukunegura ikiganiro Sat-b yakoreye muri Wasafi Media aho umuririmvyi Big Fizzo yari mugihugu c’Ubutariyano yagize ico abivugako asa n’uwwutabona kumwe na Sat-b, ariko aho hose ayo majambo yavugwa umuririmvyi Sat-b nta jambo ryamuvuye mukanwa ngo yishurane n’umuntu canke uriya.

Inyuma y’indirimbo UMUBABARO ya Sat-b yasohoyse itariki 22/11/2019 harabonetse imyihwezo y’aba na bariya aho basa n’abashima n’uko Sat-b yoba yagarutse mukwandika amajambo aremereye muri iyo ndirimbo nyene aho kandi habonetse bumwe mu butumwa Umuririmvyi Big Fizzo yanditse agira ati:

”Nakumvise kameze neza, Ntaco kabaye…. Atari zazindi zo mumisi yahera…… Wagorana pe”

Nkakwibutsa ko aho hose Sat-b atigeze yerekana ko yabibonye canke yavyumvise

Kuri uyu wa 27/11/2019 niho haramuka hashigwa kumugaragaro indirimbo y’umuririmvyi Big Fizzo indirimbo yise TIGITA indirimbo ubona ko iri mukadiho gatambika arinaho inyuma yaho habonetse ubutumwa kuri Twitter y’umuririmvyi Sat-b aho yagize ati :

”Ewana naje nakumvise, ni sawa, gusa nugukora cane, Sindi ngaha ngo nce urubanza gusa kimwe umuziki w’ubu usa nuwapfuye, n’ukuguma kuri Originalité😢😢😢

Ivyo bibaye mugihe bisanzwe bizwi cane ko kuri izo mpande zompi zibiri hari ico bita Challenge ikomeye cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775