Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Nubwo benshi bavuga ko ndirimba nka Simi siwe yari “Idol” wanje ahubwo Celine Dion

 

Umwana akiri muto Ines aririmba muri Peace and Love band afise ijwi ridasanzwe vyemezwa neza ko aririmba nk’umuririmvyikazi wo mugihugu ca Nigeria abenshi bazi kw’izina rya SIMI arakomeza gukora ibidasanzwe mu mwuga wiwe wo kuririmba na canecane muvyo bita Karaoké🎤

Inyuma yo kuririmba mugiteramo cari cahuje umugwi Peace and Love bakira umuririmvyi Jux arikumwe n’uwahoze ari umukunzi wiwe umuririmvyikazi Vanessa Mdee mugiteramo cistern love and money Tour, abenshi bagiye baramuha amazina atandukanye aho bamwe bamwita Joromi abandi bakamuha izina ngo ni Simi du Burundi bivanye n’uko yaririmvye indirimbo Joromi yaririmbwe n’uwo mukobwa w’igihangange mukarere ka Afurika ndetse bakamubonamwo ibitangaza vyinshi ngo na canecane ko akiri muto.

Aho Indundi yagira ibakwe ryo kuyaga na Ines yatuyagiye agira ati:

“Jewe nivyo benshi baravuga ko ndirimba nka Simi ndetse hakaba n’abanyitira izina rwiwe ariko je sindabibona cane.”

Tumubajije ko Simi yoba yaramugize icitegererezo c’umuziki wiwe yishuye agira ati:

“Oya na gato Simi siwe yari Idol wanje ahubwo umuririmvyi nakunda cane ni Celine Dion kuko nubu indirimbo ziwe ndazumvirije ziranshika kumutima ariko Simi natanguye kumukunda bivanye n’uko numva ijwi rwiwe ari ijwi risanzwe atabuhinga bwinshi arishiramwo ariko rikaryoha. Indirimbo Joromi kwari nk’ugupinga n’uwo twari turirimbana avuga ko ntashobora gusubiramwo uko iririmbwa munyuma nsanga havuyemwo ukuyikunda.”

Mwomenya ko Ines afise ubuhinga bwo gusubiramwo indirimbo z’igihindi izo benshi bita NACHI aho murino misi hariko harazunguruka cane muma terefone ya benshi hano mugisagara iyo aheruka gusubiramwo abenshi bazi nka KUCH KUCH HOTA HAI.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769