BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Olegue ngo n’intumwa y’Imana

Kuva aho aviriye mw’ibuye, nkuko bakunze kuvuga, Olegue ngo ubu agendera kw’Ijambo ry’Imana nkuko aheruka kubishikiriza.

Baraka Olegue ngo ubu agendera kw’Ijambo ry’Imana, naho ritoroha ko arigenderako buri gihe, ariko aragerageza.

Olegue aganira na Kaboss For Real, yavuze ko afise Ijambo riri muri Yesaya 6 ku murongo w’8 yahawe Kandi ategerezwa kugenderako rivuga ngo : ” Numva ijwi ry’Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugira? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma. ”

Iryo jambo uwo muririmvyi avuga ko ariyo ryamutunze akiri mw’ibohero, ariko Kandi ngo n’ubu niryo arimwo. Ubu akaba ahagaze nk’intumwa, aho avuga ko yamenye icamuzanye kw’isi, kuko kubwiwe ngo s’ukuryoherwa gusa, ahubwo ngo n’ukugira ico amariye mugenziwe.

Olegue avuga ko ubwo butumwa yari yaranabutanze mu ndirimbo yiwe yitwa Pasta aho ngo yavuze ati :” Jewe ndi umusani, ubu n’ubutumwa butuvuye ku mutima ushima ibiboneka n’ibitaboneka. Nzotemberera abatakuzi, ntemberere n’abatagushaka, kugira impera n’imperuka, tuze turonke ubuzima budahera.”

Olegue yabandanije avuga ko naho yoba yaracuritse ikimenyetso, ngo ubutumwa bwo n’ubwavuye Ku mutima, Kandi ngo ntibuhabwa abantu bose.

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe aheruka kumenyeshe Kandi ko Indirimbo yiwe nshasha izosohoka muri uku kwezi kw’12, izoba irimwo ubutumwa bwo gushima Imana, kuko yamurinze. S’ico gusa, bikaba binavugwa ko uwo muririmvyi yoba yamaze gukizwa, kubera amashusho yaragize imisi ariko araboneka hirya no hiyo yiwe asa nkaho ariko arasengerwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775