BurundiDiasporaEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusicUncategorized

Rodrigo muri Bantu Bwoy ngo ntagiye gusubirira Endomike

Dj V-zeey ngo ntawe aje gusubirira mu bahora muri Bantu Bwoy, ivyo nivyo uwo mu DJ mushasha wo muri bantu Bwoy yaganiriye kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu.

Rodrigo Zivieri yakuyeho ivyijiji ku bari bagize igihe bibaza ko uwo mu DJ yoba yashize umukono ku masezerano yo gusubirira umuhinyanyuzi Endomike the Machine uno musi abarizwa ku mugabane wa Amerika neza neza muri Canada aho yasanze umutambukanyi wiwe.

Mu kiyago yagiranye na Jimbere Magazine, uwo mu DJ akaba yavuze ko uguhinyanyura atarivyo yaherewe amasezerano, ahubwo ngo n’ukuvugiriza umuziki Bantu Bwoy igihe cose bazoba bari ku mugabane wa buraya, co kimwe n’igihe we ubwiwe afashe urugendo rwo kuza hano iwacu.

Dj V-Zeey akaba aherewe amasezerano ku mugabane wa Buraya neza neza mu butariyano iyo Mugani n’umutambukanyi wiwe bagiye mu karuhuko, ariko kandi ako karuhuko kakaba kabaye akaryo keza ko guhabwa umuhango w’ibiteramo azokorera kuri uwo mugabane muri uku kwezi kwa 3 buca dutangura.

Dj V-zeey akaba hampande y’ukuba ari umu DJ asanzwe ari mu bategura ibiteramo nkuko biboneka ku rubuga rwiwe rwa Instagram, bikaba bishoboka rero ko ari hampande y’ukuba umu DJ wa Bantu Bwoy azonabafasha kubategurira ibiteramo kuri uwo mugabane, canke akaba azobafasha kubibaronderera kuko nimba abimazemwo igihe, bisigura ko azinanye na benshi babitegura, ibishobora kuba akarusho kuri Bantu Bwoy ubwabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 803