africa newshomepagekirundikirundi_Sports

Samuel Eto’o Fils ntiyerekwa ko CAN yotegurwa buri myaka 4

Samuel Eto’o Fils ntiyerekwa iciyumviro c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi Gianni Infantino, aho yashikirije ko abona ko ihiganwa ry’umupira w’amaguru muri afrika CAN ryotegurwa buri myaka 4.

Uwo murongozi wa FIFA impamvu yatanze kuri ico ciyumviro ngo nuko bizoba vyiza mw’iterambere ry’umupira w’amaguru wa Africa, co kimwe n’ubwiza bwaryo. Ivyo adashurizako n’uwo yahoze ari kizigenza w’umurwi nserukiragihugu ca Cameroun.

Mu kiyago yagiranye na RFI, Etoo’o avuga ko iryo higanwa rishizwe ku myaka 4 ngo ntana kimwe rizoba ririko riamarira umugabane wa Afrika.

Yagize ati: “Tuzotunganya iryo higanwa ku buryo dukuye hehe? Tuzokura hehe amahera twoteguza iryo higanwa buri myaka 4? Dutegerezwa gushira umupira w’amaguru wacu ku rugero ubumwe bwa buraya rugezo [….] Ni naco President Ahmad ariko arakora.”

Ivyo bikaba bishikirijwe nawe mu gihe ubu ari ubu abarizwa hampande y’uwo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, kuva mu kwezi kw’7 kw’umwaka uheze aho yarasezeye urukino rw’umupira w’amaguru

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871