Entertainmententertainment Promotedhomepagekirundimusicmuzik na wasanipromoted

Sat-B na Big Fizzo ngo hagiye guca uwambaye muri Ruhuhuma, ninde mwami w’umuziki kubwawe

Igiteramo cari citezwemwo  ibihangange bibiri Big Fizzo na Sat B kuri Lacosta Beach mu ntumbero yukuraba uwuruta uwundi ngo ntankeka isango ni ryarindi nyene.

Inyuma yukwakirana umunezero w’imenyeshwa ry’igiteramo kizohuza abaririmvyi babiri bakomenye cane hano iwacu aribo Big Fizzo na mugenziwe Sat- B nkuko abenshi bavyipfuza kuva kera rw’isango bamenyeshejwe ntibazobona rirageze.Ico giteramo citiriwe “Who’s The Best Concert” kikaba kiriko  gitunganywa nabasazwe barongoye Lacosta Beach.

Ku makuru Indundi Magazine imaze guhabwa n’uko ico giteramo  citezwe igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2020, nkuko umwe murabo baririmvyi aza anamaze kuvyemeza aciye kuri rwa rubuga Twitter akaba yagize ati:

“Nemeye kuririmba imbere ya Big Fizzo bivanye n’uko nipfuza ko abantu baronka show bipfuza kuri uwo munsi . Oya ni ukwubaha tuu muri iyi game ntawunkoreramwo kuri performance we nyene n’abiwe barabizi! 09/02/2020 ndi ready kwerekana aho umuziki wacu ugeze”. 

Akaba yanditse ayo majambo mugihe mugenziwe Big Fizzo gushika ubu atakintu nakimwe aramenyesha kubijanye n’ico giteramo.

Mwomenya ko ivyo bizoba inyuma y’igihe kitari gito abakunzi bipfuza kubona umwe muri abo babiri uwobokwita umwami w’umuziki muri iki gihe ariko kandi iki kintu kikaba caheruka igihe bariko baraba uwoba agezweho ico gihe hari hagati ya Big Fizzo na Lolilo Lizzo mugiteramo bari bitiriye “Nani mkali Concert”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769