EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Sat-B naho vyoshika agaheba Belle9ce umuziki ntiyowuheba

Kubwa Belle Nice ngo naho vyoshika umukunzi wiwe ariwe Sat B akamuheba umuziki ntiyowuheba  yobandanya.

Naho vyoshika agahebana n’umukuzi wiwe akazi k’ugukora imiziki yiwe yokabandanya  kuko ngo yatanguye urugendo afise aho ashaka gushika kandi umuziki ngo yawutanguye kera naho ataribwakore indirimbo yawenyene ikaja ahabona eka ngo ni n’ingabirano asanganwe kuva akiri muto.

Ivyo akaba yabiyagiye mugezi wacu Dj Fanny aho anavuga ko kunda gutera induru iyashavuye akanaririmba canke akicara ahawenyene akoma induru akaca amera neza nuwamushavuje akagaruka amutwengera. Belle9ce aragaruka kandi agatumirira urwaruka guhaguruka rukerekana impano zose rufise mu guteza imbere igihugu ngo urwaruka ninarwo ruzoshitsa igihungu imbere mugukoresha inguvu canke impano rusazwe rufise.

Mwomenya ko BElle9ce aheruka gushira ahabona indirimbo SABO yiwe yambere yasohokanye n’amasanamu inyuma y’aho yahora yumvikana cane mu bunywero akunze guteramishamwo ababa baje kwivuna inyota mu gusubiramwo indirimbo z’abandi ivyobita Karaoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769