BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasanipromoted

Sat-B ngo bari bakwiye kubakuriraho intambamyi bakanatanga uturusho ku banyeshule

Inyuma y’igihe kinini hataboneka isohoka ry’abaririmvyi babarundi baja gukora ibiteramo hanze y’igihugu hano mu karere ka Afurika y’Ubuseruko na cane cane muri Tanzaniya ndetse na Kenya ni Sat-B yashize ahabona bimwe muvyipfuzo vyiwe ndetse n’abandi bagenziwe.

Aho umuririmvyi Sat-B yagirigwa amahirwe yo kuba umuririmvyi umwe mukibaza cahasanzwe hari Kaminuza y’Uburundi muri Campus Mutanga ndetse akaba ari naho hari haramutse habera ibirori vyo kwigina imyaka 20 ishirahamwe rya Afurika y’ubuseruko ritangujwe icese, imbere y’uko aririmba abanza afata ijambo ry’umwanya muto agira ati:

“Turi mumuryango wa Afurika y’ubuseruko nk’umuryango umwe ariko Umuririmvyi w’Umurundi agiye gukora igiteramo muri Tanzaniya atanga tagisi ingana n’amadorari ibihumbi bibiri $2000 bigatuma atawubasha gukorayo ivyo biteramo kandi twitwa ko turi mu mu muryango umwe, aho murumva ko twipfuza kworoherezwa.”
yongera ati:
“Kaminuza y’Uburundi nibaza ko ifise imigenderanire canke ubucuti na Kaminuza z’ibindi bihugu biri mur’uno muryango. None hoba hari Umunyeshure ararungikwa kwiga muri Kenya canke muri Tanzaniya?? Twe turipfuza ko abana b’Uburundi basohoka”

Aho mwomenya ko Sat-B yashikiriza ivyo aheruka kuvuga ko vuba cane hashobora gusohoka indirimbo arikumwe n’umukunzi wiwe Belle9ice.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775