Entertainmententertainment Promotedhomepagekirundi

Sat-B yahaye ubutumwa bukomeye abaririmvyi bose bo mu Burundi

Haba Sat-B canke Big-Fizzo abo babiri bonyene ntaho boshobora gushikana umuziki w’Uburundi haba mubihugu duhana akarere eka no mumakungu harakenewe abandi baririmvyi bakiri bato beshi kugira bafashanye urugendo.

Harikuri uwu wamungu igenekerezo rya 20 Gitugutu ,2019 aho umuririmvyi Bizimana aboubakar karum azwi cane kw’izina rya Sat-B yatahuka avuye mugihugu kibanyi ca Tanzaniya kwimenyekenisha .

Mukiganiro yahaye abanditsi nabamenyesha makuru Sat- B akaba yatanguye ashimira umwe mubaririmvyi yariyashoboye kuhashika  ariwe Dj Pro yongera agaruka kwisohoka ryiwe  we yita koyariyagiye kungura ubumenye kuriwe eka nokuri batoya biwe kuko ngo harabaye akunguko kuriwe nokuri batoya biwe atibagiye nabamukurira, kandi ngo ivyo yaciyemwo vyose iyo bizakuba vyari vyarabaye kuri bakuruwe yarikumenya uko ahagenda ariko yaraciye bugufi y’igira ikijuju kugira yige vyishi  rwatarazi,yongera avugako urugendo rwivyamujanye kuriwe rwabaye neza ijana kw’ijana kuko rwabahakuye vyishi siwewe wenyene.

Eka uwo muririmvyi yarabandanyije asaba ko hoba ugukundana hati yabaririmvyi bagiziwe n’ukubahana mukazi kabo hamwe nuko buza barahura keshi bakayanga ivyakazi kabo kamisiyose gutyo rwivyo vyogira ihinduka rinini mu muziki wabo ,aranagaruka akabaha impanure aho yabavuniye akagohe kw’ibanga akoresha kugira agume akundwa nabose mukuvuga  ati:” akabanga akoresha sakandi singaya kandi ndisonzesha cane kuburyo mbafise ico ngomba gushikako.”

Ivyo bikaba aribimwe murivyishi yashikirije mukiganiro yatanze kubanditsi nabamenyesha makuru kuri Lacosta Beach inyuma yaho yaramaze gushika mugisagara ca Bujumbura.

Mwomenyako sat-B yaramaze inkiringo nkigana hafi n’indwi zitatu arimugihugu ca Tanzaniya kwimenyekanisha kukazi kiwe kumuziki asazwe akora muntumbero y’ukwagura izina,akaba yararamutse anasinya amasezerano yugukorana n’ishiramwe Wasili amasezerano atakiringo afise azomara kuko batashimye kubivuga ngoniyahagarara bazobimenyesha.Iryo shirahamwe Wasili rikaba rikora mu kunguruza abantu bivanye naho uba uri mugihe ufise application yabo mu gahamagazo kawe kugiciro kitavuna.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755