BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Snow Cay ntazodandaza umuziki ku mbuga ziwugurisha kuko ayo batanga ari make

Snow cay ngo nta mugambi afise wo kudandaza urukurikirane rwiwe rushasha ku mbuga zisanzwe zigurisha indirimbo, ivyo akaba yisunze yuko ngo izo mbuga ata mafaranaga akwiye abantu baheza ngo bakuremwo.

Mu kiyago yagiranye na Betv, uwo muririmvyi yavuze ko urwo rukurikirane rwiwe azorudandaza akoresheje ama CD, iyo CD imwe ikaba izoba igurwa amafaranga 50.000 fbu. Indirimbo zikaba ari 12, ariko ngo yari yipfuje ko zoba indirimbo 18.

Snow Cay yabandanije avuga ko izo ndirimbo 12 zizobandanya zikorerwa amasanamu, ariko izimaze gukorwa n’indirimbo 2 gusa, ‘Ijana’ na hamwe na ‘Nzobandanya’. Urwo rukurikirane rukaba rwahawe izina ry’imwe murizo, Ijana, igituma nuko ngo ari ijambo yatoye nk’ikimenyetso.

Nkuko yabandanije abiyagira bagenzibacu Rapha na Spok’s ngo mu baririmvyi baboneka muri urwo rukurikirane, harimwo 19th na Fabelove ngo batabashije kubonekamwo. Igituma ngo nuko yagize ingendo bituma atabasha kuboneka.

Mwomenya ko uwo muririmvyi asanzwe abarizwa mu mugwi Overdo Team usanzwe ugizwe n’abaririmvyi batandukanye, ariko muri kino gihe ngo bariko bakora buri umwe ku ruhande rwiwe, ariko ngo bariko biga uburyo bakora igikorwa gishasha nk’umurwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758