Mu gihe hadaheze n’ukwezi abakunzi b’umupira w’amaguru bari mu kigandaro co kubura imwe mu ntwari z’umupira w’amaguru Diego Armando Maradona, mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 202O niho , Paolo Rossi , intwari y’umupira w’amaguru wo mu mwaka 1982 yitavye Imana ku myaka 64.
Umukinyi wa kera wa Juventus na AC Milan , Paolo Rossi yari rurangiranwa kw’ikorosi mu mupira w’amaguru mu gihugu c’Ubutariyano.
Paolo Rossi yamaze imyaka 31 akina umupira w’amaguru, aho yawuhagaritse mu 1987 nyuma y’inkino zababa 400 , ibitsindo 154 n’ama Sélections ashika 48, aho yakurikije ubushimwe ivyubahiro n’ama trophée haba ku rwego rw’igihugu canke ku rwego mpuzamakungu.
Paolo Rossi akaba yibukirwa k’ubuhinga yerekanye mu gutsinda ibitsindo 6 vyatumye atahukana igikombe c’isi yose co mu mwaka w’1982, “soulier d’or” na “Ballon d’or”, anatahukana titre ya “meilleur buteur”