africa newsEast Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicTanzania

Tanasha ngo ntibakorako kandi ntibakuyakuya


Akoresheje urubuga rwa Instagram, Mbosso yavuze ko uwo baririmbanye Tanasha ngo adakorwako kandi badakuyakuya, atari Boss Diamond Gusa.

Tanasha ngo ni uwa Nasibu Abdoul Juma gusa, ivyo nibiheruka gushikiriza na Mbosso ku rubuga rwiwe rwa Instagram, inyuma yaho uwo muririmvyi akoraniye na Tanasha akaririmbo bise La Vie.

Intandaro yo kwandikwa kw’iryo jambo nuko abo baririmvyi kuri ako karirimbo bakoranye, ntaho bigeze baboneka barikumwe, canke bakoranako. Yaba Tanasha yaba Mbosso bose bari bafise abantu bahawe muri iyo ndirimbo baririmbana.

Ivyo bikaba vyaciye bitera ibibazo abakunzi b’umuziki wabo, aho batatahura impamvu vyabaye.

Mbosso kuri Instagram ati : ” Itegeko rya mbere mu muryango, umukunzi wa Boss ntakorwako kandi ntibamukabakaba. “

Tanasha ntiyaretse kugira ico avuze, kuko yaciye yerekana utuntu mu kinyamazuru bita Emoji, two kwipfuka mu maso nk’uwufise amasoni.

Mbosso akaba adahengeshanya gukora neza, kuko indirimbo zibandanya zigwira, akaba nk’uko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri Tanzania abishikiriza, iyo ndirimbo yiwe ikaba ari iya 2 mu kurabwa cane ku muhora wa Youtube muri Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769