Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Thyti Love ngo yashatse kubanza kuvyara agifise inguvu zo kubarera

Thyti Love ngo yabanje kwanza gufata akanya ko kuvyara imbere yuko yirukira kuririmba, kuko kuririmba ngo ntibita igihe. Ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro aheruka guha imboneshakure ya hano iwacu, aho yariko abazwa ivy’umuziki wiwe.

Muri ico kiganiro caciye ku mboneshakure Buja Hit Tv, uwo muririmvyikazi wa kera yamenyesheje ko muri kino gihe asa nk’aho yabaye arahagarika gatoya umuziki kugira afate akanya ko kubanza kwanza kuvyara na 2.

Muri ico kiganiro nyene uwo muvyeyi w’abana 2 yabwiye iyo mboneshakure ko naho yahagaritse kuririmba gato ngo asanzwe akora amareresi ukuri kwamya, ivyo akabisigura kuko ngo amareresi atamutwara umwanya munini nk’umwanya indirimbo zimutwara. Igituma uwo muririmvyi yavuze ko ari ukubera umuziki bimusaba gukora ibiteramo.

Yagize ati: “Ubuzima ni buto cane, kandi burya umuntu akeneye kuvyara, il faut ko avyara kare agifise inguvu. Jewe nashatse mvyare utwana twanje nka 2 canke 3, kugira ejo ninasaza nzoronke abandera. Je ndavyara sinsaza, ndagira sport. Gusaza ni mu mutwe, kandi iyo utavyaye kare ngo witunganye hakiri kare, haragera igihe inguvu zihera ugasanga abana bawe urabavyaye nta mwanya uronse wo kubarera, uciye upfa abana bagasigara barangara.”

Uwo muririmvyikazi yanavuze ko umusi azogaruka mu muziki azoza ari umuririmvyikazi wundi kuko afise vyinshi amaze kwiga muri ino myaka 3 amaze atari ku rubuga rw’umuziki, ariko arabira inyuma gatoya. Uwo muririmvyi akaririmbo kiwe ka nyuma kakaba kasohotse mu mwaka wa 2017.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769