BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Ubu R Kelly ntaco akangisha Natacha kuri Instagram

Ubu aho bigeze, bavugishije Instagram , R Kelly yovuga Natacha akitabira kuko ubu bose bahagaze rugabo ku bantu 1,300,000 babakurikirana.

Uretse ko amusumvya amashusho n’amasanamu amaze gushirwa ku rubuga rwa Instagram, ubu R Kelly ntaco yokangisha umuririmvyikazi Natacha ku rubuga rwa Instagram, kuko bose bangana abantu babakurikira, abo nabo bakaba barenga 1,300,000.

Inkuru y’abo bantu yatanguye kuvurwa muri iyi ndwi ya nyuma y’ukwezi kwa 2, abavyumvise, bose baguye mu gahundwe kuko abasanzwe bamukurikirana bari bazi ko afise abantu barenga gato 58,000. Bakibaza uko vyabonetse.

Twashatse kumenya uko vyagenze, turondera uwujejwe gutanga amakuru yiwe, atubwira ko yahinduye account asanzwe akoresha, ngo iyo n’iyindi.

Iyo Account Raphael yatwemereye ko nayo bari basanzwe bayibitse gatoya kugira ibandanye ikura, ngo bikunde bazoyikoreshe igihe kigeze. Iyo ngo yoba yari irikumwe n’izindi zariko zirakurikiranwa kugira zibandanye zikura.

Tubajije impamvu nyamukuru yatumye bahindura, Raphael yatubwiye ko igituma bashimye gutangura gukoresha iyikomeye gusumba, ngo nuko iyo bariko bashaka gukorana n’abaririmvyi mvamakungu, baheza ntibabarabe ryiza kuko Account zabo zitifashe neza.

Twabajije nimba atari iyo baguze, ariko ntiyashima kugira vyinshi avuze kuri iyo account. Aho ni mu gihe n’iyo yaragize igihe akoresha, nayo itariyo yari yaratanguranye, kuko amaze gukorera igikorwa muri Tanzania yaciye aboneka akoresheje iyindi yaje ifise abantu barenga 40,000.

Twashatse kumenya ibijanye n’uburyo bisaba kugira tugure account nkiyo, noneho turondera umwe mu basanzwe bakora urwo rudandazwa muri Tanzania, atubwira ko bikunda. Iyifise abantu bashika 200,000 ikaba igurwa amafaranga Tsh 200, 000 nyene, ariko ashobora kugabanuka bivanye n’uko muyaze.

Twassavye iyoba ifise abarenga 1,000,000, batubwira ko izo kenshi zikoresha mu bijanye n’ukumemyekanisha ibintu, aho iyifise abangana uko, ngo ishobora kwinjiza amafaranga Tsh 100,000 ku musi. Igiciro kiri hejuru y’ 2,000,000 tsh ariko ngo gishobora gutuma uwoba afise iyifise abo bantu bangana uko ayitanga.

izo account zitandukanye ziba zigurishwa, izitandukanye zikaba arizo zikoreshwa mu gukwirakwiza ibihuha ku baririmvyi batandukanye bakomeye muri Tanzania, ngo bikunde ikurikirwe cane, aho mukibuka ivyabaye mu misi iheze ku mwigeme Asma, vyavuzwe ko yavuze ko afitanye abana na Diamond. S’ico gusa kuko izo mbuga kugira zikurikirwe cane, zikunze kuba zifiseko abakobwa bari gusa, kugira bikunde zihurumbirwe.

Amakuru dukesha umwe mu baririmvyi ndundi, avuga ko abaririmvyi batandukanye baba aba hano iwacu, co kimwe n’abo mu bihugu bibanyi nk’Urwanda batari bake bamaze kugura izo Account, ngo bikunde isura yabo iboneke neza.

Mwomenya ko kuri abo bantu Natacha yanyakuye, aciye aja mu kibanza ca 1 mu baririmvyi ndundi bafise abantu benshi babakurikirana ku mihora ngurukanabumenyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775