UbudandajiInkino

Ububangutsi bwa Nkazamyampi ntibwahereye ku bibuga mpuzamakungu gusa

Yamenyekanye cane mu myaka ya 90 amaze gutahukana umudari mpuzamakungu wa mbere ku gihugu c’Uburundi mu marushanywa yokwiruka (Atlethisme).

Ntivyari vyoroshe kuri Charles Nkazamyampi kuko i Toronto muri kanada iyo yari yitabiriye igice ca nyuma c’amahiganwa yashitseyo afise inkuru mbi y’uko abavyeyi bamuvyaye bagandaguwe urwagashinyaguro barwa mu rwimo rwariko ruratikiza inganda mu bwanyaburunga mu 1993.

Ntiyatwawe n’umubabaro,  ahubwo yariye umutima amenyo arwana rugabo maze atahukana umudari w’umujumbu (médaille d’argent), ahindura ikiyago ku gihugu camwibarutse.

Amaze gutahura ko indyane zahitiye mu gihugu zatumwa n’indongozi zifise ivyo zishaka gushikako, nk’imboneza mu rwaruka, Nkazamyampi yahavuye ashinga ishirahamwe ryo Guharanira Amahoro, Amani Africa Burundi.

Amani Africa Burundi rikaba ari ihuriro ry’urwaruka mu kwinonora imitsi , kwiteza imbere n’ukwiga ku bana neza mu mahoro.

Umurindi wo kwiruka akaba yawuhindukirije mu gushira urwaruka hamwe mu rukundo n’ubumwe binonora imitsi banaharanira amahoro gushika igihugu kibaye inkuru nziza kuri bose.

Nkazamyampi akaba yiyemeje gushira inguvu uburyo n’umwete mu gikorwa co gukundisha urwaruka igihugu cabibarutse, kubungabunga amagara yabo biciye muri Sport, n’ugushira hamwe urwaruka mu ntumbero yo kwubaka ubumwe n’amahoro muri rwo biciye mu nkino.

Charles akaba afise amashirahamwe y’urwaruka atari make mu gihugu hagati kandi rukaba rwama ivyamwa vy’amahoro vyiza, akaba yanahavuye ashinga Fondation yise Fondation Charles Nkazamyampi.

Mwomenya ko Nkazamyampi kuva atahukanye umudari w’isi mu kwiruka gushika uno mwaka wa 2021 turimwo acigishwa mu mashuri nk’umunonotsi atameze nk’abandi  ”un Atlette pas comme les autres.”

What's your reaction?

Related Posts