africa newsBusinessCuteEast Africa NewshomepagekirundiUganda

Uganda: Ikibuga c’indege ca Entebbe casubiye kwugururwa

Inyuma y’amezi arenga atandatu yari aheze ikibuga ca Entebbe muri Uganda cugaye kubera ikiza ca koronavirisi, ikigo kijejwe ibijanye n’indege casubiye kwugurura ico kibuga.

Naho biri uko, ingenzi zisabwa kwerekana urupapuro rwemeza ko zapimwe ikiza ca Covid_19 iba yatanzwe n’abaganga mu kiringo c’amasaha 120 gusa imbere yo gufata urugendo.

Ingenzi ngo zitegerezwa kandi gupimwa ubushuhe zicinjira, kwambara udufukamunwa bakongera bagasiga umwanya hagati y’umuntu n’uwundi mu ntumbero yo kwirinda koronavirisi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757