BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Uku niko Senganzi yari yipfuza ku mushikiranganji w’imico n’akaranga

Michael Senganzi umwe muri ba bakinyi batwenza abantu bita aba humouriste, yagize iciyumviro ngo iyaba hari umushikiranganji afise muvyo ajejwe imico n’akaranga azi cane ibijanye na Art noneho akaba yitabira ibiteramo bitandukanye agashikira aba Artist, ngo vyari kuba biryoshe.

Ico ciyumviro c’uwo mukinyi amaze gutsindira agashimwe k’insamirizi RFI kuba uwitwaye neza mu batwenza abantu muri Afrika, kikaba cashigikiwe n’uwundi muntu kuri Twitter, aho yavuze ko atari iciyumviro, ahubwo ariko ngo vyari bikwiye kumera.

Ivyo uwo mukinyi akaba abishikirije mu gihe himirije muri ino misi igiteramo asanzwe ategura arico Caravane du Rire. Ico gikorwa kikaba catanguriye i Kigali, aho igenekerezo rya 30/11 baryoheye abanyeshure bo mu gace ka Rusororo i Kigali, n’igenekerezo rya 2/12 ico gikorwa kikazobera ahandi. I Bujumbura tukaba tumwiteze igenekerezo rya 16/12.

Ubu rero bikaba bikigoranye kwemeza, ariko ikizwi co n’uko uwo mukinyi ashobora gukina inkuru igaruka kuri ico ciyumviro yipfuza cane ko coba impamo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775