BurundiDiasporaEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Ukwezi kwa 6 kugiye kubera umugisha Big Fizzo 

Inyuma y’amezi hafi 3 adakora igiteramo ku mugabane w’Uburayi, Ukwezi kwa 6 kugiye gusubira Kandi kubera umugisha Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo.

Inyuma y’igiteramo azokorera mu bwongereza igenekerezo rya 4/6 arikumwe na Kitoko, hamenyekanye ko mu ndwi 1 gusa ahejeje gukora ico giteramo azoca yerekeza mu gihugu ca Norvege Aho azoca ahakorera ikindi giteramo.

Ico giteramo hakaba hataramenyekana abandi baririmvyi canke aba Dj b’abarundi bazoba barikumwe, ariko ikizwi co nuko hasanzwe Hari abari muri ico gihugu Kandi bakora neza cane.

Mwokwibuka ko Big Fizzo amaze amezi Atari make Ari kuri uwo mugabane w’Uburayi, Aho gushika ino Saha Ata wuramenya neza igihe azosubirira I Burundi, kuko we ubwiwe yavuze ko I Burundi aba agiye mu karuhuko, kuko muhira Ari kuri uwo mugabane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779